FEN Yaratanze Utuganuke Kubaronse Impamyabushobozi Bari Barasinzikajwe n’ibiyayuramutwe

Igenekerezo rya 26 /9/2025 ikigo kijejwe kuvura no kwitaho abasinzikajwe n’ibiyayuramutwe kikabasubiza mubuzima busanzwe co mu maramvya( centre de réhabilitation de maramvya) carateguye ibirori vyo gutanga impamyabushobozi kubakurikiranye inyigisho mubisata bikurikira:
-Gushona,guteka,ibijanye n’ubuhinga bwa none(informatique);………
Ico gikogwa cabaye muntumbero yo gutera intege abakurikiranye inyigisho kuko zizobafasha mu kwiyubaka mu buzima busanzwe mugisata c’imibano,ubutunzi no mubindi…
Mu gutera intege abakurikiranye izo inyigisho;harimwo urwaruka rw’abagendana ubumuga , ikigo Fondation Esperance NDORICIMPA-FEN caratanze akaganuke kagizwe n’ibitambara 18 k’umunyeshure wese yaronse impamyabushobozi mugisata c’ugushona kugira bizobafashe gutangura imigambi yabo.

Umwe mubaronse akaganuke icavuga
umwe mubaronse impamyabushobozi mugisata c’uguteka Eric NSHIMIRIMANA yavuzeko inyigisho yakurikiranye zidafatiye m’uguteka gusa ahubwo ko bifasha no mukwiyubaka kumuntu aho vyamufashije gukura muri we no gutahura icakeneye mubuzima.
Umwigisha wabo nawe aho yabatekereye impanuro yo kutagaya akazi kubera ubuzi babona kwari butobuto aribwo bushobora kubatunga.
Yarashimiye abandi bigisha aho abanyeshure baciye berekana kumugaragaro ivyo bakoze mu gisata cugushona: amakabutura, amashati ndetse N’amashakoshi.
mwomenyako kandi uwahoze akurikirana inyigisho murico gisata yabateye intege abasaba gukunda akazi no kukitangira kuko we anamaze kwugurura ikibanza co gushona ciwe bwite mu maramvya kwibarabara rya 15.yababwiyeko uwuzogira ikibazo azomwegere amwiture azomufasha.
