Activity

FEN yaratanguye igikogwa co kuramukanya hagati mubanyamuryango bayo

Uw’IMANA uheze abanyamuryango ba Fondation Esperance Ndoricimpa-FEN barishikiye kurugo gw’umunywanyi wabo Samuel BIZINDAVYI aba i BUJUMBURA mu kinama muri Muramvya,aho bagiye bikoreye ibiseke nkuko vyamye kuva nakera mumuco w’ikirundi.

Bakiranywe ugweze muruwo muryango aho bazimanye abashitsi imfungurwa ndetse n’ibinyobwa.

Mw’ijambo ry’iwe uwaserukiye FEN yarashimye cane uko bakiriwe kandi biteguriwe kuko mukibano ababanyi buwo muryango baraje gushigikira no kwakira abashitsi,ikindi ciyongeyeko nuko nawe asanzwe areze abandi bana babiri yahawe n’iyindi miryango vyerakanako ihangiro rya Fondation ryo kugira urukundo ryinjiye mumutima y’abanyamuryango.

Ubutumwa bwa Samuel BIZINDAVYI

Shalom Shalom

Mfashe kano kanya kugira ngo nshimire cane abanyamuryango ba Fondandation Esperance NDORICIMPA kw’iteka mwanteye n’umuryango wanje.

Ndashimiye cane maman Esperance ku ngabirano yahawe ndetse agatako agashinga FEN kuko iyo itaza kubaho ibi vyose ntibiba biriko biraba.

Reka nongere nshimire bivuye k’umutima uwo wese yemeye guheba ivyiwe ku musi w’Imana kuwa 2/11/2025 agashika aho mbaye ndetse aje yikoreye igisimbo.Imana imumpere imigisha.
Ndashimiye n’uwo wese atashoboye kuhashika ariko vyari kumutima.

MUBANDANYE MUFISE UWO MUTIMA KUKO MWARAHEZAGIWE

Shalom.

 

Tubibuseko ico gikorwa kizobandanya co kuramukanya hagati y’abanyamuryango ba FEN.

Leave A Comment

Your Comment
All comments are held for moderation.