FEN yaratanze imfashanyo kubasangwabutaka bo mu kayanza

igenekerezo rya 13/12/2024 Fondation Espérance Ndoricimpa-FEN Waragendeye abasangwabutaka bo mu kayanza neza na neza muri Muruta.
FEN iherekejwe n’umuyobozi wayo Esperance NDORICIMPA ndetse nabanywanyi bayo bagiye bitwaje agakemanyi kagizwe n’ibifungurwa, amasabune,… n’ibindi vya nkenerwa.
Bagishika bakiranywe urweze n’umunezero, Indirimbo n’intambo zihimbaye.



ibikorwa vyo gufasha vyatangujwe n’amasengesho nk’uko arico civugo kiranga FEN munyuma Umuyobozi wa Fondation afata ijambo Inyuma y’ivyo haba itangwa ry’agakemenyi.

Mw’ijambo yashikirije Yavuze ko twese uko bimeze kwose dukwiye kugiranira urukundo nk’uko ariyo ngabire iruta izindi.
Abajijwe impamvu yahisemwo gufasha abasangwabutaka atafashije abandi ndetse anafasha Abo mw’ikomine atavukamwo yishuye ati :” Ntanumwe ducagura mugufasha benshi twarabafashije . aca agirako atanga akarorero ko nko muntango z’umwaka w’ishure uwu muryango wafashije abana batari bake mukubaha ibikoresho vy’ishure no kuronsa uburyo abamikoro make bo Kumpanda n’i Nyanza_Lac .
Yamenyesheje Ko ejo Mpwemu Yera yari yarongoreye uwu muryango gufasha Abo basangwabutaka kandi ko azokwama abikora no kubandi.


Ivyerekeye kuba yafashije abatari Abo muri Komine iwabo yagize ati :” urukundo ntirucagura , kandi Iyo waronse utwo umirisha amazi wibuke n’ababanyi”.

🗣️ Yarangije amenyesha ko Ibi azobibandanya kuko ariwo muhamagaro Imana yamuhaye.


.Ivyo bikorwa rero vyari bihagarariwe n’abajejwe intwaro kumutumba,Kuri Zone na Komine kandi vyagenze neza.