Activités, Aide, Education

Igikogwa co gutanga ibikoresho vy’ishure

Fondation Espérance NDORICIMPA (FEN) yararonkeje ibikoresho vy’ishure abanyeshure 50 bo kw’ishure École fondamentale Rubirizi ya 2.

Kuwa 02 Nyakanga 2023 Fondation Espérance Ndoricimpa yaratanze ibikoresho vy’ishure Kuri ECOFO Rubirizi ya 2 riherereye muri zone #Rubirizi Komine Mutimbuzi yo mu ntara ya Bujumbura.

Bimwe mu bikoresho vyatanzwe akaba ari : Amakaye, Amakaramu, n’ibindi. Umwana umwe umwe yaronswa bigizwe n’amakaye 4 y’impapuro 100 hamwe n’ayandi 4 y’impapuro 48, amakaramu 2 hamwe n’utundi dukoresho kuri buri mu nyeshure wese muri abo 50.

IGIRUKWAYO CARITAS, asanzwe ari Umuhanuzi akaba n’Uwaserukiye iyo Fondation muri ivyo bikorwa yamenyesheje ko biyumviriye ico gikorwa kugira ngo bafashe abana bafise amikoro make bakiri ku ntebe y’ishure kugira ngo nabo bazosubire ku mashure banezerewe ndetse bazovemwo n’abantu bakomeye nk’uko biri mu migambi yabo ya minsi yose.

Yabandanije amenyesha ko muri Fondation Espérance NDORICIMPA (FEN) basanzwe bakora ivyo bikorwa no gufasha abatishoboye mu bitaro bitandukanye nko kubarihira ibitaro hamwe n’imiti, kandi baripfuza ko bazoshika no muzindi ntara zose.

NTIBAZONKIZA JEANINE icegera c’umuyobozi w’iryoshure rya Rubirizi ya 2, yashimiye cane iyo Fondation yo yiyumviriye kugarukira ku bana bafise amikoro make bo kuri iryo shure, yongera abasaba ko bobandanya bafasha n’abandi kuko bikunda kwibonekeza abana batari bake bagaheba amashure biturutse k’ubukene bw’ibikoresho.

Kuruhande gw’abavyeyi canke abo banyeshure ubwabo, barashimira Fondation Espérance Ndoricimpa, yo yabaronkeje ibikoresho vy’ishure, bagasaba ko bokwama bafasha n’abandi kuko abana bavuka ku bavyeyi bafise amikoro make bibagora ingene biga kubera ukubura ibikoresho vy’ishure, bakabasaba ko hanyuma bobafashisha n’agasakoshi kuko mu gihe c’imvura bakunda kunyagirwa amakaye akononekara.

Abaserukiye FEN barangije bamenyesheje ko ibikorwa nk’ivyo bizobandanya mu ntara hamwe n’amakomine atandukanye.

Leave A Comment

Your Comment
All comments are held for moderation.