Activités, Aide, Charité

Fondation Espérance NDORICIMPA (FEN) ifasha umuryango wamikoro make

Fondation Espérance NDORICIMPA (FEN) yaragendeye umuryango wamikoro make ku w’Imana igenekerezo rya 17/9/2023.

Uwo muryango uba mu ntara ya Bujumbura,komine MUTIMBUZI muri zone ya KAJAGA,uwo muryango ubaye mubuzima butoroshe, se rugo akora akazi ko kunguruza abantu kw’ikinga nayo umukenyezi ntacakora.

Bimwe mubibazo bihanze uwo muryango harimwo kubura Amahera yo kuriha inzu.

Fondation Espérance NDORICIMPA (FEN) ikaba yaciye ironsa uwo muryango ibahasha rigizwe namafaranga yo kuriha inzu amezi atatu.

Kuruhande gwa se rugo yashimiye FEN kuba yabashitseko Kuko  baryama ntibatore agatiro kubera kubura Amahera y’inzu ndetse ngo bakaba Bari mukwirukanwa mwiyonzu.

Umukenyezi nawe yashimye cane aranakorora amasozi Aho ashimira fondation,

Bakaba barangije basabira fondation espérance ndoricimpa imihezagiro ivuye Ku MANA kandi ngo Fondation ivyo ibakoreye ize ibekorere n’abandi.

Leave A Comment

Your Comment
All comments are held for moderation.