Activités, Aide, Charité

Fondation Espérance NDORICIMPA (FEN) itanga imfashanyo ku muryango utishobye mu Gatumba

Fondation Espérance NDORICIMPA (FEN) yatanze kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 4/11/2023 imfashanyo ku muryango utishoboye wo muri Zone Gatumba, muri Komine ya Mutimbuzi.

imfashanyo igizwe n’ibikoresho bitandukanye vyo mu nzu, impuzu, ikinga ryo gukora ubu Taxi vélo n’umutahe uzofasha umukenyezi gutangura kudandaza ku muryango wa SINDIHEBURA Jean Bosco usanzwe uba muri zone Gatumba, commune Mutimbuzi mu ntara ya #Bujumbura  bongera bawurihira amafaranga y’inzu mu kiringo c’amezi atandatu.

Uwuserukira ishirahamwe F.E.N mu Burundi Claudia NININAHAZWE Agasaba uwo muryango kuzokoresha neza ivyo barose kugira bibafashe kwikenura.

SINDIHEBURA Jean Bosco yahawe iyo mfashanyo arashimira Fondation Espérance Ndoricimpa kuvyo yamufashije, akavuga ko yamuhaye ivyo yari yaripfuje kuva kera ariko akabura. Agasaba n’abandi bari mu buzima butoroshe kutihebura kuko ngo yabonye ko Imana yishurira ku gihe cayo.
#F.E.N
#GATUMBA

Leave A Comment

Your Comment
All comments are held for moderation.