Fondation Espérance Ndoricimpa – FEN irabandanya igikorwa co gushigikira abapfakazi n’abanyeshure bo mu miryango ifise amikoro make.
Inyuma yo gushigikiza abapfakazi 10 b’i Gihanga mu ntara ya Bubanza uburyo bwo kubafasha gutanguza imigambi mito mito yotuma biteza imbere, kuwa gatandatu, 7 Nyakanga 2024 haratanzwe amabahasha ku bapfakazi 10 b’i Nyanza_Lac mu ntara ya Makamba. Intumwa zarungitswe na Fondation Espérance Ndoricimpa zaciye zishikiriza n’ibikoresho vy’ishure bikwiye abanyeshure 34 bo kw’ishure shingiro Bogogwa aho nyene i Nyanza-Lac.
Bamwe mu bapfakazi twayaze barashimira Espérance Ndoricimpa yabiyumviriye, bakamusabira imihezagiro. Biyemeza gutangura vuba imigambi ijanye n’uburimyi bw’itomati ubw’imboga nk’irengarenga n’ibindi no gukora urudandaza bijanye kugira bashobore kurera ibibondo batunze.
Abanyeshure baragaragaje akanyamuneza , bagasigura ko gushika ubu atabikoresho vy’ishure abavyeyi baribwabagure kubera amikoro make.
Mu ntwaro barashimye ico gikorwa kiranga urukundo. Eka n’uwaserukiye umuyobozi w’iryo shure Samuel Nyabenda yiyemeza kuzoshigikira ibikorwa vya Fondation Espérance Ndoricimpa noguhimiriza abandi kugira hafashwe abatari bake.
Sisi DA Silva ajejwe kumenyesha amakuru muri Fondation Espérance Ndoricimpa mu butumwa yarungikanywe , yarahimirije abo banyeshure bahawe ibikoresho kwiga badasamara kugira bazoronke umwimbu mwiza . Yabamenyesheje ko bahejeje ishure , Igihugu kizoba kibakeneye kugira baterere muri ya mbonakazoza ya 2040 na 2060 Uburundi bwifashe kandi buteye imbere.
Kukibazo co gufasha maze bigacishwa mubimenyeshamakuru mugihe ijambo ry’IMANA rivuga ko ico ukuboko kw’iburyo gikoze ukubamfu kudakwiriye kubimenya inyishu yatanzwe nuko bikorwa muntumbero yo kwereka bamwe bahora bibaza ko gufasha bisaba kuba ufise ibintu vyinshi ko bibesha kuko kuko niyo woba ufashije umwana ikaramu uba ufashije.Nayo kubibaza ngo barakenye ntaco bofasha bakwiye kumenya ko ugukena atari kuba udafise amafaranga ahubwo ugukena ari ugukenera ibirenze kuko ubwo buzima wita ko ari buto ubayemwo aho hanze yawe hari isinzi ry’abantu babwipfuza.